ubukire
mva i Burundi
muga nsi mvuga i kirundi
kubera navukiye kandi nakuriye mu Budagi.
birambabaza.
kubera ntashobora kuganira n’umuryango.
canke ngo numve akajambo kaba kurambere.
ndi umurundi
ndakumirwa ndi mu Budagi
birambabaza.
iyo ndi mu Burundi hakaduka amatati
simba nkwiye kugira ubwoba
kubera igitabo c’inzira c’ubudagi
cotuma baza kuntabara
birambaza.
ndakize.
muga ndacari nyagupfa, m’ubudagi.
ndi umurundi
//
ndabona ko muvyumva
navuze, nti, navukiye kandi nakuriye mu Budagi
uburundi n’igihugu gifise ingorane
ariko ntitwigeze duhagarika kurondera kazoza keza
igihe cambere naja i Burundi jenyene,
mawe yantegetse ko niyandikisha kuri embassade y’Ubudagi
hagize ikiba, boca bantabara
“ni vyiza”
ariko, none, data wacu, abana biwe n’umugore wiwe babaye abande?
“notegerezwa kubasiga inyuma”
babaye abande?
mbega, hogira ico baba?
“muravyumva?”
ni ubukire … hm
indirimbo || produced by betina quest, mix+master rvdical the kid, lyrics+music betina quest
backing vocals betina quest + eli a free, synthesizer betina quest
image || tommy wá, set design/concept betina quest
traduction || yves francis nimbona, king fleury kaburundi, sophie ndamama