ubukire

mva i Burundi

muga nsi mvuga i kirundi

kubera navukiye kandi nakuriye mu Budagi.

birambabaza.

kubera ntashobora kuganira n’umuryango.

canke ngo numve akajambo kaba kurambere.

ndi umurundi

ndakumirwa ndi mu Budagi

birambabaza.

iyo ndi mu Burundi hakaduka amatati

simba nkwiye kugira ubwoba

kubera igitabo c’inzira c’ubudagi

cotuma baza kuntabara

birambaza.

ndakize.

muga ndacari nyagupfa, m’ubudagi.

ndi umurundi

//

ndabona ko muvyumva 

navuze, nti, navukiye kandi nakuriye mu Budagi 

uburundi n’igihugu gifise ingorane

ariko ntitwigeze duhagarika kurondera kazoza keza

igihe cambere naja i  Burundi jenyene,   

mawe yantegetse ko niyandikisha kuri embassade y’Ubudagi


hagize ikiba, boca bantabara 

“ni vyiza”

ariko, none, data wacu, abana biwe n’umugore wiwe babaye abande?

“notegerezwa kubasiga inyuma” 

babaye abande?

mbega, hogira ico baba?

“muravyumva?”

ni ubukire … hm

 
 

indirimbo || produced by betina quest, mix+master rvdical the kid, lyrics+music betina quest
backing vocals betina quest + eli a free, synthesizer betina quest
image || tommy wá, set design/concept betina quest
traduction || yves francis nimbona, king fleury kaburundi, sophie ndamama

Previous
Previous

i crossed the line

Next
Next

four african women